abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports| Arsene Nihohero agiye gukinira umugwi wa Al Bahri Sports Club wo muri Iraq

Arsène Nihoreho yahora akinira umugwi Olympic Star w’i Muyinga yaguzwe n’umugwi Al Bahri Sports Club ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Iraq.

Nihoreho akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’Umwaka nk’uko yabituyagiye.

Uwo mukinyi yakiniye umugwi Olympique Star mu nkino zo gusubiriza ayitsindira ibitsindo 7 mu nkino 12, mu gihe mu gikombe c’umukuru w’igihugu yinjije ibitsindo 2 mu nkino 3.

Mwomenya ko uwo musatirizi mw’ihiganwa ry’umwaka w’i 2019 ushira uw’2020 yabaye uwa gatatu mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi aho yarangije ihiganwa afise ibitsindo 17.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72