abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Nzeyimana Mailo yaraye asezerewe mu mugwi wa Athletico New Oil Academy

Umugwi Athletico New Oil Academy waraye usezereye umumenyereza wabo Nzeyimana Mailo, ivyo bikaba vyabaye inyuma y’uko umugwi Athletico New Oil Academy utsindiwe ku kibuga cawo n’umugwi wa Bs Dynamik igitsindo 1-0.

Umugwi Athletico New Oil Academy mu nkuno 4 umaze gukina nta rukino na rumwe umaze gutsinda ukaba ufise amanota 0 kuri 12.

Biranurwanurwa y’uko uwo mugwi umaze gutangura ibiganiro n’umumenyereza Alain Olivier Niyungeko kugira aze kumukorera mu ngata.

Alain Olivier Niyungeko gushika ubu nawe nta mugwi afise, kiretse y’uko yahawe amabanga mashasha yo kumenyereza umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 184