kirundi

Aime -M ngo Album yiwe igiye kuja ahabona mbere ngo azoba ari Burundi

Aime_M ni umuririmvyi w’umurundi ariko asanzwe aba muri America akaba ari naho akorera ibikorwa vyiwe. Twarashoboye no kumubona mw’ihiganwa ryatunganijwe na Dicobu, ihiganwa ryahuza abaririmvyi b’abarundi basanzwe baba muri Amerika akaba yarashoboye gutahukana ikibanza ca 3 mu baririmvyi 9.

Ugerageje kuraba indirimbo haraho aririmba wenyene n’izindi akora ama collabo, uretseko aririmbana n’abarundi mbere n’aba Tanzania baramaze kuririmbana.

Aririmba RNB akaba aririmba indirimbo zirya zitwa ngo ni iz’isi agacishamo akaririmba n’izininahaza Imana. Vuba ngo agiye gushira album yiwe ku mugaragaro izoba igizwe n’indirimbo zininahaza Imana ikazoba izwi kw’izina rya “Amen”.

Ukungene agiye kurekura album azoyitanga mu bakunzi biwe ku mbuga zisanzwe zidandaza umuziki ivyo vyose azobikora amaze gushika mu gihugu c’amavukiro mu Burundi.

Atagihindutse igenekerezo rya 11 Myakanga 2022 azoba yashitse i Burundi muzogenda muramwumva mu biganiro bitandukanye kuri Radio na Télévision zisanzwe zikorera mu gihugu c’Uburundi kazoba n’akaryo keza ko kwumviriza indirimbo zizoba zigize iyo album.

Vyinshi tuzobibamenyesha niyamara gushika mu gihugu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 238