abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Saidi Ntibazonkiza ntari ku rutonde rw’abakinyi bazokina inkino za CAF

Umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza asanzwe amaze kugurwa n’umugwi Geita Gold uzoserukira igihugu ca Tanzania mu nkino za Confédération Cup ntari ku rutonde rw’abakinyi bazokina izo nkino .

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 06 Nyakanga 2022, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania TFF ryarashize ahabona abakinyi 40 bazokina izo nkino za CAF ariko uwo mukinyi w’umurundi ntiyabonetse kuri urwo rutonde.

Gushika ubu ntiharamenyakana icoba catumye uwo mukinyi w’intamba mu rugamba akurwa na CAF kuri urwo rutonde rw’abakinyi bazokwitabira izo nkino mu gihe uwundi murundi mugenziwe bakinana muri uwo mugwi Geita Gold umunyegori Arakaza Mac Arthur wewe yabonetse mu bakinyi bazokwitabira izo nkino .

Mukibuka y’uko Saidi Ntibazonkiza yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi Geita Gold mu kiringo c’umwaka umwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 185