BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo ngo Bruce Melodie nabifate ibisanzwe

Lolilo ni umwe mu baririmvyi batagize ikintu bavuga ku biheruka kuba ku muririmvyi Bruce Melodie, ariko akaba yahavuye ava mu gacerere agira ico ashikiriza.

Uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona akaririmbo gashasha yakoranye n’umuririmvyi w’umunya Tanzania, akaba avuga ko ivyashikiye Bruce Melodie ari ibishobora gushikira abantu bose, ahubwo agasubira kandi kumuha ikaze ngo n’ikindi gihe azogaruke.

Lolilo yabwiye Juste Gael ngo : “Sinobirandirako cane, kuko igihe bahana amahera sinari icabona. Ni ibintu gusa bitameze neza kuri jewe, umuntu uwariwe wese afashwe kurya birababaza, novuga pole sana Bruce Melodie, ni ibintu bishikira abantu bose. Naho vyagushikiye, relax, bifate nk’ibintu bisanzwe, aha ni mu Burundi, karibu uzogaruke n’uwundi musi.”

Yongerako ngo: “Je ndi umuntu adashaka ama bras de fer y’ubujinga, canke kwerekana ibintu kubera bambone nanje ko nanditse, non, ndakuze, kandi ndi umuntu azi ico ashaka.”

Ivyo akaba abishikiriza uko mu gihe abandi baririmvyi batandukanye bo babishize ahabona, aho bavuga ko bitari bikwiriye ko umuririmvyi nk’uwo yari akwiye gufatwa uko yafashwe agishika mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 344