Abafana ba Siren Vibe batanguye gusaba ko Hosy Irakoze yokoresha ikiganiro abashitsi bavuye i Kigali imbere y’uko basubira inyuma.
Uwo mumenyeshamakuru akaba n’uwashinze ikinyamakuru Siren Vibe, inyuma yo gushira ahabona amafoto yifotozanije na Bruce Melodie agize igihe ari hano iwacu, abafana bagize ico bashikiriza ku majambo yanditse.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram rugeze ku bakurikirana bariko barababa 30,000, uwo mumenyeshamakuru yashikirije ko vyamwanse kureka gushira ahabona amafoto yifotozanije na Bruce Melodie.
Yagize Ati : ” đđđnari nabihevye kuziposta IG but biranse ko nigumya daaađ«đ« @brucemelodie you made our hearts full of joy đ© thank youuuuu Burundi loves you and we know that you love Burundi toođđœđđœ turarindiriye ayo ma hits ugiye gukorana nâabaririmvyi bacuđđ ”Â
Abamukurikirana, hampande y’ukumubwira ko atarakwiye kureka kuzishira ahabona kuko bari baberanye, uwo mumenyeshamakuru hari abamusavye gukoresha ibiganiro Bruce Melodie hamwe na Yago bari i Bujumbura.
” Mukoreshe interview nayo.”Â
” Hosy ndagusavye ukoreshe ikiganiro Yago”Â
Uwo mumenyeshamakuru ntiyaretse kubishura, aho yababwiye ko bikunze azobikora, ubona ko amaze gukoresha umwe mu baje ariwe Fatakumavuka, ari nawe yatanguriye umugwi utari muto waherekeje Bruce Melodie.
Mwomenya ko abaherekeje Bruce Melodie i Bujumbura ata kinyamakuru na kimwe turabasha kubona kibakoresha ikiganiro, uretse Fatakumavuka we amaze gukorana na Siren Vibe.