Umugwi Les hyppos usanzwe ukina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Viva Basketball League waraye uhimbaje umusi mukuru wahariwe urwaruka rw’uwo mugwi.
Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 08 Nyakanga 2022 ku kibuga ca BPES kiri mu kigobe kw’ibarabara rimanuka ku Mutoyi, aho umugwi Les Hyppos wari uramutse utunganya inkino bitiriye les hyppos youth Day, umusi wahariwe urwaruka bivanye n’uko basanzwe bafise urwaruka ruri mu mice itandukanye, umuce wa mbere ukaba urimwo abana bari musi y’imyaka 14, uwundi muce ni uw’abana bari musi y’imyaka 16, n’uwundi muce w’abana bari musi y’imyaka 18.
Urwo rwaruka ruri mu mice 3 rwa les Hyppos rukaba rwari rumaze imisi itari mike ruriko rwigishwa ingene rwokina urukino rwa Basketball na cane cane muri kino gihe c’akaruhuko.
Mw’ijambo uwutwara umugwi les hyppos Dr Nijirazana Bonaparte yaraye ashikirije, yavuze y’uko bafitiye imigambi myiza urwo rwaruka.
-Umugambi wa mbere ni ugusangira n’abavyeyi kubarera aho bazobakurikirana no mubijanye n’amashure ni naco kintu ca mbere bashira imbere mu mugwi wabo wa Les Hyppos,
-Umugambi wa kabiri ni kubatwara mu yindi migwi bagakorerayo imyimenyerezo cane cane ku bashikana imyaka 18 kugira ngo bakuremwo abandi bana basa nk’ababizi bashobora kwandikisha mu cicaro ca kabiri.
Bonaparte yarangije avuga y’uko bafise imigambi yo gutegura ihiganwa rizoba rikomeye cane hano mu gisagara ca Bujumbura aho bazoba bari kumwe n’iyindi migwi imwe imwe bari kumwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi kugira ngo bategura ihiganwa ry’urwaruka rushobora kwigararagaza ingene ruriko rutera imbere muri Basketball.
Mwomenya ko abo bana mu gihe amashure azoba atanguye bazoraba ingene bavugana n’abavyeyi babo kugira ngo bazorabe ukuntu boza barabarekura n’umusi umwe wo gukora imyimenyerezo.