abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Youssuf Ndayishimiye yaraye afashije Instabul kunyagira Hearts yo muri Ecosse

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Youssuf Ndayishimiye abandanya yigarurira imitima y’abakunzi ba Instabul Basaksehir.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 08 Nyakanga 2022, niho umugwi Istanbul Basaksehir ukinamwo umurundi Ndayishimiye Youssuf Nyange wari wagendeye umugwi wa Hearts wo mu gihugu ca Ecosse mu rukino rw’ibanze rwa Europa League Conference, urwo rukino rukaba rwarangiye Instabul inyagiye Hearts ibitsindo 4-0.

Muri ivyo bitsindo harimwo igitsindo ca Youssuf Ndayishimiye igitsindo cabaye ica kabiri c’uwo mugwi akaba yacinjije ku munota ww 68 w’urukino.

Mwomenya ko Youssuf Ndayishimiye atari yatanguye urukino yagiye kugombora ku munota wa 46 w’urukino.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68