abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports |Flambeau du Centre woba ugiye gutahukana za miriyoni 30 ?

Umugwi Flambeau du Centre w’i Gitega waraye ukoze amateka mu gutsinda umugwi Al Ittihad wo muri Libiya mu rukino rw’ibanze rwa CAF Champions League.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Nyakanga 2022, aho umugwi Flambeau du Centre wakira umugwi Al Ittihad mu gisagara ca Dar es Salaam mu rukino rw’ibanze rwa CAF Champions League, urwo rukino rwarangiye Flambeau du Centre wirahiye Al Ittihad igitsindo 1-0, igitsindo cinijwe na Gilbert Tuyihimbaze batazira Bibe.

Urukino rwo gusubira ruzoca ruba igenekerezo rya 18 muri uku kwezi kwa Nyakanga 2022 i Tripoli ku murwa mukuru wa Libia

Uwo mugwi Flambeau du Centre ukaramuka usezereye umugwi Al Ittihad uzoba utsindiye imiriyoni 30 bemerewe n’uwusanzwe arongoye uwo mugwi Kazohera Vénerand aho yavuze y’uko abo bakinyi baramutse basezereye uwo mugwi azoca abaha agashirukabute kangana n’izo miriyoni 30.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 72