abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Prezida w’Urunani yavuze aho izina ry’urunani ryavuye

Umugwi w’Urunani waraye wanditse amateka adasanzwe mu gukora umusi mukuru wo kwigina itsinzi y’igikombe c’ihiganwa rya Basketball citwa Viva Basketball League c’umwaka w’i 2022 batahukanye.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Nyakanga 2022 , isaha umunani 14h00 z’umuhingamo kuri Messe des Officiers aho umugwi Urunani wahimbaza umusi mukuru wo kwigina igikombe c’ihiganwa rya Viva Basketball League batahukanye muri uno mwaka w’i 2022 ndetse no kwitabira inkino za Road to Ball. Iryo himbazwa ry’uwo musi mukuru wabo bari baryitiriye izina rya SISI WENYEWE EVENT Edition 2.

Ibirori vyari vyatwe iteka n’abasanzwe batwara ibanki ya BBCI isanzwe ifata mu mungongo uwo mugwi, uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( Basketball) , Apôtre Manirakize Jean Paul n’abandi batandukanye.

Mw’ijambo ryiwe, Aimé Nkonyereza yabanje gushimira abakunzi b’Urunani bababaye hafi kugirango bashike aho bageze uno musi akaba yagize ati : “Bashitsi bahire, bashingantahe, bapfasoni namwe rwaruka tugire amahoro, tugire amahoro n’ubumwe muri Basketball. Uyu musi nk’uko mubizi hari umusi mukuru twitiriye izina rya SISI WENYENE EVENT , Urunani ni abantu bagiye hamwe barakunda baskets barashinga umugwi niwo witwa urunani , urwo runani rero uwo mugwi ukaba ugendera kuri iryo jambo urunani ngira si ivy’imbeshere murabibona. Uwo mugwi wacu ni twebwe nyene tuzokwitanga tukawubaka ku nguvu zacu tukanabikora n’umutima arico bisigura SISI WENYEWE. Rero nagira ndabakire muri uru rubanza, uru rubanza rugizwe n’imice ibiri, hariho umuce wa mbere ni uwo kwigina intsinzi twaronse muri VIva Basketball League nagomba nsabe twikomere amashi. Umugwi w’Urunani ngira mwarabibonye kuva league itangura ingene wagiye urigenza , ingene wagiye urabica bigacika  ari naco gituma twatevye dushika kuri iyo ntsinzi, iyo ntsinzi rero tuyikesha umuntu wese yitwa umunyarunani mwikomere amashi, iyo ntsinzi novuga ko abo twahiganywe badufashije kuko iyo tudahiganwa ntitwari gukina nabo nyene mubakomere amashi.”

Uwo arongoye umugwi Urunani yaronse akaryo ko gushimira cane amashiramwe yose yabashigikiye n’abanyarunani bashigikiye uwo mugwi mbere aca aboneraho n’akaryo ko gusaba abari ngaho y’uko bobakomera amashi.

Mu gusozera yarashimiye cane bimwe bivuye ku mutima ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball FEBABU rirongowe na Apôtre Manirakiza Jean Paul kuko niyo irongoye Basketball ku rwego rw’igihugu.

Mwomenya ko uburyo bwatororokanijwe kuri uwo musi mukuru w’Urunani buzoca bufashe kwitegurira amahiganwa mpuzamakungu ya ROAD TO BAL.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 63