abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports | Tity Mavugo yaguzwe mu mugwi Costal Union wo mu gihugu ca Tanzania

Inyuma yo kumara igihe ata mugwi afise , Tity Cedric Mavugo yerekeje mu gihugu ca Tanzania .

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Tity Cedric Mavugo yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Costal Union wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania mu kiringo c’imyaka 2.

Cedric Mavugo yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Aigle Noir Cs , Flambeau du Centre , Kayanza United , Black Bulls yo muri Mozambique hamwe na Stade Tunisien yo muri Tunisia .

Mwomenyako Tity Mavugo asanzwe avukana na Mavugo Laudit umusatirizi wa kera wa Athletico New Oil , Muzinga Fc hamwe na Vital’o Fc , yashoboye no gukinira imigwi ya Simba Sc yo mu gihugu ca Tanzania , Napsa Stars yo muri Zambia hamwe na Kiyovu Sports na As Kigali zo mu gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 68