Uncategorized

#Indundi Sports| Umugwi Rutsiro mu nzira yo gusinyisha Ferouz Haruna

Umugwi Rutsiro Fc wahora ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude , uri mu biganiro n’umumenyereza w’umurundi kugira aze kuwumenyereza.

Biravurwa y’uko umwanya n’umwanya Ferouz Haruna ashobora gushira umukono ku masezerano yo kuwumenyereza .

Ferouz nta kazi yari afise muri kino gihe inyuma yo kutabandanya akora nk’icegera ca kabiri mu mugwi Athletico New Oil ugeze aho umwansi ashaka muri kino gihe .

Uwo mumenyereza asanzwe afise Licece A ya CAF amaze kumenyereza imigwi itari mike ya hano iwacu nka Flambeau du Centre , Les Lierres , Vital’o Fc nk’icegera hamwe na Athletico New Oil .

Mwomenya ko uwo mugwi Rutsiro Fc usanzwe ukinamwo umukinyi wa kera wa Vital’o Fc , Ndikumana Youssuf alias Lule .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 10