BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Briane ngo Drama T, Kirikou na Double Jay barabahitana

Mu gihe i Kigali abaririmvyi ba hano iwacu bakunzwe gusumba abandi barimwo Double Jay na Kirikou, Drama T nawe yashizwe muri ico gitigiri.

Abo baririmvyi uko ari 3, ngo nibo ba Stars ba hano iwacu bo mu misi ya vuba. Abo baririmvyi ngo nta kizobazibira, ivyo bikaba biherutse gushikirizwa na Dj Briane aho aherukira hano iwacu.

Mu kiganiro yahaye Siren Vibe, uwo mu Dj ari mu bakunzwe hano iwacu, ariko kandi n’i Kigali, yavuze ko abo baririmvyi bariko bavyifatamwo neza mu bikorwa bariko barakora.

Abasanzwe ari abaririmvyi bamaze igihe abo bakunze kwita aba legends hano iwacu, ngo baraba hange kuko nibatazibukira, ngo abo baririmvyi bazobahitana.

Abo baririmvyi bose uko ari 3, bakaba ari abaririmvyi baciye mu minwe ya Big Fizzo na Management yiwe ya Bantu Bwoy, abo baririmvyi ariko kandi bakaba ari abaririmvyi gushika ubu bahisemwo gufata mu minwe ibikorwa vyabo, kuko bavuga ko babonye ko hari hageze, ngo basigiye ikibanza abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 131