BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi ngo abanyaburayi bamwitege

Imyimenyerezo iramurembeje Mugenzi Alfred Aubin benshi muzi nka Kigingi yitegurira ibiteramo agiye gukorera ku mugabane w’Uburayi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Kigingi yerekanye ari mu myimenyereza ngororamubiri, aho yaherekeje iyo sanamu amajambo agira ngo:” Attention Europe”

Hampande y’igiteramo yategura gukorera Upsala muri Sweden igenekerezo rya 1/10, uwo mukinyi w’amareresi yanamaze kumenyesha ko azonakorera igiteramo mu Bufaransa i Toulouse, igenekerezo rya 8/9.

Uwo mukinyi w’amareresi akaba yanaheruka kuri uwo mugabane nyene mu mezi aheze aho yakoreye igiteramo mu Bubirigi, ariko ntivyakunda ko abandanya muri Sweden kubera igihe yari yahawe kuri VISA cari carenze.

Kigingi akaba abandanya kwizeza abandi bo mu bindi bihugu ko ata nkeka nabo azobagenderera mu gihe kitari ica kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 143