King’orongoro mu kutarabana ryiza kuri hagati ya Amir pro na Mb Data, uwo muririmvyi ataciye akagozi hagati yiwe na Management yahoramwo, yanse kuvuga nabi Amir Pro.
Mu gihe Mb Data mu kiganiro aheruka gutanga aha ikinyamakuru Siren Vibe, yashikirije ko MA ata ciza yamwipfuriza, King’orongoro we abona ko uwo muririmvyi yari akwiye kubanza gushima.
King’orongoro nawe yari mu minwe ya Amir ikiringo c’imyaka 2, avuga ko Mb Data yari akwiye kubanza gushima ko Amir yamukoze akamugira umuntu akomeye kuko ico ngo ari igikorwa gikomeye gose.
King’orongoro akanavuga ko kandi uwo muririmvyi [Mb data] yari anakwiye kutabandanya avuga nabi uwo muhinyanyuzi amaze gufasha abatari bake, ngo bitume abakiri mu ntoke ziwe bamubona nabi.
Ikindi King’orongoro aheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye ico kinyamakuru nyene Siren Vibe, yavuze ko MB Data yari akwiye gushima ahubwo kuba Amir atamutwaye izina, kuko ngo ivyamushikiye bishikira abatari bake kw’isi, iyo bashimye kutarangiza igihe c’amasezerano bari bafitanye n’uwo bariko barakorana.
Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu gihe Mb Data yashikirije ko yemera ko Amir yamufashije mu kumenyekana, ariko ko mu kuvana yamutwaye utwo yari afise twose twomufashije gutera imbere, anamusiga mu madeni atagira izina, aho vyabaye ngombwa ko atangura ubuzima gushasha.