BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Muka Alvin Smith niwe mbarutso y’indirimbo Lalala ya Alvin Smith

Abaririmvyi benshi ubajije iyo bakuye iciyumviro co kwandika indirimbo zimwe zimwe baba baririmvye bavuga ko aba ari inkuru y’ukuri, ariko ntibatomore neza uwo biba vyabayeko. Ariko Alvin we yarimenye.

Iyandikwa ry’indirimbo Lalala Alvin Smith yashize ahabona ku musi wa kabiri, ngo ryaturutse ku mugore wiwe.

Akoresheje urubuga rwa Instagram asanzwe akoresha cane, rukurikiranwa n’abagera 62,000, uwo muririmvyi yavuze ko iciyumviro caturutse ku rukundo akundana n’umugore wiwe. Uwo muririmvyi akaba yashikirije ko iyo ndirimbo ariyo ndirimbo ya 1 yandikanye ibishobisho vyinshi, n’amosozi ngo arakoroka ari muri studio.

Yagize ati : ” Iyi ndirimbo ni spécial kumugore @nirnaaah wanje inspiration nayironse bivanye n’urukundo dukundana na madamu wanje ndayituye ku bantu bose bafise abo bafise ku mutima niyo ndirimbo yanje ya mbere naririmvye n’ama sentiments menshi ku buryo n’amosozi akoroka ndi muri studio it’s an emotional song ❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️ Muje YouTube kuyiraba 🔥🔥🔥”

Iyo ndirimbo mu masaha 3 gusa ishizwe ahabona, ikaba yari imaze kurabwa n’abarenga 4,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Iyo ndirimbo ikaba ije isanga Jegeza ingidi yari imaze hafi amezi 2 isohotse, aho imaze kurabwa n’abarenga 30,000. Nayo urubuga rwiwe rwa YouTube rukaba rumaze gukurikirwa n’abarenga 43,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 143