abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

# Indundi Sports| Amatariki umugwi Urunani uzokwitabirako inkino za Road Bal yamenyekanye .

Umugwi w’urunani watahukanye igikombe c’ihiganwa rya Basketball Viva Basketball League uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya Road to ball wamenye amatariki uzokwitabirako izo nkino.

Uwo mugwi uzokwitabira izo nkino mpuzamakungu za Road to Ball mu gihugu c’Ubuganda kuva ku magenekerezo ya 25 gushika ku magenekerezo ya 30 Gitugutu 2022.

Mwomenya ko umugwi wa Les Gazelles watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’abigeme wowo ugiye gufata urugendo muri ino misi werekeza mu gihugu ca Tanzania mu mahiganwa ya Zone 5.

Mukibuka y’uko ku magenekerezo ya 17 na 18 muri uku kwezi kwa Nyakanga, ishirahamwe ry’umupira w’amaboko (Basketball) ryifadikanije na Harmony Blue , ryateguye ihiganwa rizohuza imigwi 4 ku ruhande rw’abahungu n’imigwi 2 ku ruhande rw’abigeme  mu ntumbero yo gushigikira iyo migwi izoserukira Uburundi mu nkino mpuzamakungu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 65