Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( FEBABU) ku rwego rwo gufasha abahagarikizi b’abarundi.
Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2022 , kw’ihoteli Tiger’s riri mu Kinanira Commune Muha, aho ishirahamwe ry’umupira w’amaboko (Basketball) ryari riramutse ritunganya ibikorwa nkarishabwenge ku bahagarikizi b’abarundi ku rwego mpuzamakungu ( FIBA), ibikorwa bizomara imisi 3 ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kurya 18 Nyakanga 2022.
Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball , Apôtre Jean Paul Manirakiza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzankino ( CNO) Salvator Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FEBABU hamwe n’umuhinga yarungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ( FIBA) Mathurin Nguessan Kouadio.
Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( FEBABU) Apôtre Jean Paul Manirakiza , yabanje gushimira Imana kubona ivyo bikorwa vyatunganijwe ubwa mbere mu Burundi, yongera arashimira ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ku rwego mpuzamakungu ( FIBA) kubona umugambi wabo wa mbere wo guteza imbere inkino basa nk’abatanguriye mu Burundi kumvo z’uko babonye y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ryo mu Burundi ryama ryitanga uko bukeye uko bwije , ninayo mpamvu bahisemwo gufasha kuvyerekeye ivyo bikorwa vyo kwigisha abasifuzi b’abarundi .
Abo bahagarikizi bariko bafata ivyirwa nkarishabwenge bakaba bashika kuri 20 ni ukuvuga abakobwa 5 hamwe n’abahungu canke abagabo 15.
Mwomenya ko abo bahagarikizi bama bakora umwuga wabo wo gusifura ata rupapuro na rumwe rwerekana y’uko baronkejwe ivyirwa nkarishabwenge vy’umwuga wabo.
