Basketballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Ines Nezerwa yaraye akoze ibitangaza i Kigali

Umukinyi w’umurundi akina umupira w’amaboko ( Basketball) Ines Nezerwa yaraye asize umugani mu gihugu c’Urwanda.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2022 niho umugwi wa Reg BBC w’abigeme waraye utwaye ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Urwanda inyuma yo gutsinda APR BBC ku manota 63 kuri 54.

Uwo mwigeme w’umurundikazi yaraye akoze ibitangaza aho muri ayo manota 63 yinjije amanota 26 wenyene ivyatangaje abatari bake .

Mwomenya ko asanzwe akina mu gihugu ca Suisse muri kino gihe ari mu Rwanda kumvo z’akaruhuko k’amezi 3 niho umugwi wa Reg BBC w’abigeme waciye umwikorako .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 58