abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Bimenyimana Bon Fils Caleb yatanguye gukora amateka muri Africa y’epfo

Umusatirizi w’intamba mu rugamba Bon Fils Caleb yaraye afashije umugwi Kaizer Chiefs gutsinda Super Sport united.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2022 aho umugwi Kazir Chiefs ukinamwo umusatirizi w’umurundi Bimenyimana Bonf Fils Caleb wari wakiye umugwi Super Sport United mu rukino rw’indwi igira 8 y’ihiganwa ryo muri Africa y’epfo, urwo rukino rukaba rwarangiye Kaizer Chiefs itsinze Super Sports United ibitsindo 2-1.

Ivyo bitsindo bibiri vya Kaizer Chiefs vyatsinzwe n’umusatirizi w’umurundi Bimenyimana Bon Fils Caleb, kimwe yacinjije ku munota wa 40 ikindi acinjiza biciye kuri penariti ku munota wa 54 w’urukino.

Mwomenya ko Bimenyimana Bon Fils Caleb ari urukino rwiwe rwa mbere atangujwe mu kibuga mu mugwi Kazier Chiefs.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 76