abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Saido Berahino yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere

Berahino yaraye yinjiie igitsindo ciwe ca mbere mu mugwi wiwe mushasha wo muri chypre.

Hari ku musi wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 17 Nyakanga 2022, aho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Chypre ryari ryabandanije ku ndwi igira 4, aho umugwi AEL Limassol Fc ukinamwo Saido Berahino wari wakiriye umugwi DOXA KATOPOKOPIAS.

Urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi wa DOXA KATOKOPIAS y’ibitsindo 2-1.

Ico gitsindo kimwe c’umurwi AEL Limassol cinjijwe na kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino ni naco gitsindo ciwe ca mbere yambaye umwambaro w’uyo mugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 52