abakinyi bakina hanzefootballkirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Umugwi Flambeau du Centre wakiriwe n’isinzi ry’abakunzi bawo i Bujumbura

Inyuma yo gusezerera umugwi Al – Ittihad wo muri Libiya, umugwi Flambeau du Centre wakiriwe neza i Bujumbura.

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Nyakanga 2022 isaha icenda 15h00 , niho abakinyi b’umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega bashika ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye inyuma yo gusezerera umugwi Al- Ittihad wo muri Libiya mu rukino rwa CAF Champions League rw’imigwi iba yabaye iya mbere mu bihugu vyabo.

Abo bakinyi bakiriwe n’indongozi z’uwo mugwi hamwe n’abakunzi bawo.

Uwurongoye umugwi Flambeau du Centre umugwizatunga Kazohera Vénerand yari yishikiye ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye

Flambeau du Centre yasezereye Al – Ittihad inyuma yo gutsindwa ibitsindo 2-1 , igitsindo kimwe uwo mugwi watsindiye mu mahanga nico catumye uwo mugwi urengana mu rukino rugira kabiri rw’amajonjora ya CAF Champions League.

Vénerand ari kumwe na Honorable Georges benshi bita Papa Flambeau
Abakunzi b’umugwi Flambeau du Centre

Mwibuke y’uko urukino rwa mbere Flambeau du Centre wari wirahiye Al- Ittihad igitsindo 1-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144