Yoya Jamal yoba ariwe agiye gukorana na Made Beat? Ico ni kimwe mu bibazo wokwibaza inyuma y’ukubona uwo muririmvyi ari mu bakiriye uwo muhinyanyuzi mu gihugu c’Ubwongereza.
Ishusho yabo, ikaba yabonetse ku rubuga rwa Instagram rwa Made Beat, inyuma y’amakuru yari agize imisi ariko arakwiragizwa avuga ko uwo muhinyanyuzi agiye kwimukira mu Bwongereza.
Ntihamenyeshejwe nimba uwo muhinyanyuzi agiye ajanye ibikoresho vyiwe bwite, canke ari inzu y’ubuhinyanyuzi imuhamagaye, ariko ikizwi co nuko Yoya Jamal umwe mu bamwakiriye ari mu basanzwe bafise inzu y’ubuhinyanyuzi muri ico gihugu, nk’uko yavyerekanye mu kiganiro aheruka guha Siren Vibe.
Uwo muririmvyi akaba ari naco yari yashikirije ko cari intambamyi kugira abandanye akora ibikorwa vyiwe vy’umuziki ukuri kwamye.
Si nawe wenyene kuko hari n’abandi batari bake bavuga ko abahinyanyuzi muri ivyo bihugu badahuza n’abaririmvyi bo muri kano karere, ngo bigatuma bemera gukoreshereza indirimbo muri bino bihugu.
Mwomenya ko abahinyanyuzi bamaze kwimukira muri ivyo bihugu bava muri kano karere ari abatari bake, ivyatumye hanaboneka abaririmvyi batandukanye bo muri Diaspora batari bake, kandi bakora neza.