Burundikirundi

Komine ya Gitega niyo igezweho mw’isekeza ryo gucandaga imbwa

Iyo ukingiye imbwa indwara y’ibisazi uba ukingiye abantu, ico nico catumye ishirahamwe ABUMVAC rishiraho isekeza ryo gucandaga imbwa mu ntara za Gitega na Kirundo.

Inyuma y’ama komine ya Vumbi, Busoni na Bwambarangwe zo mu ntara ya Kirundo, i komine ya Gitega niyo igezweho mw’isekeza ryo gucandaga imbwa.


Kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 2022 aho i Gitega hakaba hitezwe gucandarwa imbwa zigera ku 400 mw’isekeza ry’imisi ibiri, nk’uko bishikirizwa na Dr Jean Claude Manirabona aserukira abaganga b’inzobere bitaho ibitungwa bigendana n’abantu.

Ico gikorwa ABUMVAC ikaba iriko igikorana n’ubuyozi bw’uburimyi n’ubworozi bakaba bafashwe mu mugongo n’amashirahamwe nka Action for protection of animals in Africa hamwe na Mission Rabie kikazosozererwa hano mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 160