kirundi

Belle- nice ngo urukundo batabonye kuri bakuru babo bobo bagiye kurwerekana

Ni mugihe bitakiri ibanga ugerageje kuraba abaririmvyi b’abahungu hagati yabo baterekana urukundo ndetse ugasanga hari na bamwe bamwe muribo banaterana amajambo yo gutyozanya.

Akarorero kibonekeza ni hamwe usanga umwe asohoye indirimbo ntihaboneke gushigikirana bo kuribo nko ku mbuga ngurukana bumenyi, biribonekeza ko ata gufashanya kumenyekanisha ibikorwa vy’uwundi.

N’ubwo biri uko hariho abafashanya bivanye n’ubucuti basanzwe bafitanye.

ku ruhande rwa Belle Nice wewe avuga ko n’ubwo bakuze babibona uko barakeneye impinduka, abaririmvyikazi ngo barerekana urukundo. Akarorero yatanze ngo umuririmvyikazi asohoye indirimbo bagerageza no kuyikorera challenge kugira imenyekane hose, ivyo bikaba vyibonekeje kuri Meili na Belle9ce.

Belle Nice yanemeje yuko urukundo rwabo rumeze neza biranashika bagafata akanya bagasangira yavuze abaririmvyi nka Esther Nish, Olga Lorie, Chany Queen, Linah, Meili,……
Urwo rukundo ngo bagiye kurutsimbataza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 150