Kubwa Emery Sun ngo ukuguma wibaza ko Indirimbo yawe yahaturiye kandi wakubise ku ruhande, ngo n’uburwayi.
Inyuma y’imyaka itari mike atakigenda, Emery Sun ngo ubu yahavuye aronka Indirimbo ziriko zikundwa na benshi cane, nk’uko yabiyagiye umwe mu bamenyeshamakuru bakorera Magic Channel Tv.
Muri ico kiganiro, Emery sun yavuze ko amaze kubona Indirimbo ziwe zitari zirakundwa, ngo yigiriye umugambi wo gusenga, kugira Imana imuhe Indirimbo ikundwa n’abantu.
Emery muri ico kiganiro, ntiyaretse kuvuga ko abaririmvyi batari bake bibesha ko Indirimbo zabo zikunzwe, kandi ataho ziba ziriko ziraja. Kubwa Emery ngo Hit iramenyekana kandi ngo ubibona mu mezi nka 2 ya mbere, naho bihora bishika ko ikundwa no ku kwezi kugira 4.
Ivyo Emery akaba abishikirije mu gihe ikibazo c’indirimbo kuba Hit ari ikibazo gikunze guharirwako n’abatari bake, aho badahuriza ku vyorabirwako ngo bavuge ko ariyo.