abakinyi bakina hanzekirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Abakinyi ba Kayanza United muri yegereyegere

Abakinyi ba Kayanza United muri kino gihe nta n’umwe abarizwa mu buraro.

Inyuma y’urukino rw’indwi igira 7 rwa Primus League rwabahuje na Dynamik ku musi wa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2022 nta mukinyi n’umwe wa Kayanza United yasubiye mu buraro bw’umugwi kiretse abamenyereza.

Impamvu si iyindi ni uguheranirwa amafaranga y’igurwa ryabo (Récrutement) nk’uko twabiyagiwe n’umwe mu bakinyi b’uwo mugwi.

Kayanza United ukaba uri mu kibanza c’i 9 n’amanota 10 mu nkino 6 umaze gukina.

Mwomenya ko uwo mugwi Kayanza United usanzwe ufise urukino rwa Primus League ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Gitugutu 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 115