BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ange Minouche yoba yashinze iyindi TV online?

Ange Minouche abatari bake bamenye biciye ku mboneshakure ikorera ku rubuga rwa YouTube yitwa Magic Chanel Tv, akaba ari no mu bayishinze, agiye gushinga urundi rubuga.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, narwo ruboneka nka rushasha, uwo mwigeme muri ino misi abarizwa ku mugabane w’Uburayi, yerekanye urundi rubuga rushasha rwa YouTube.

Amajambo yaherekeje ishusho ryashizwe kuri urwo rubuga, akaba yasaba abafana ko boja kugira subscribe naho ataco aratangura gushirako.

Twandika ino nkuru, urwo rubuga rwahawe izina rya Ange Minouche rukaba rwari rumaze gushirwako Video 2 naho nyene zakozwe haraheze igihe.

Uwo mwigeme akaba atarabasha gushikiriza ibiganiro bizocishwa kuri urwo rubuga uko bizoba bimeze.

Mwomenya ko urubuga rwa YouTube, Magic Chanel Tv, ruharurwa mu mbuga zikomeye za YouTube zikorera hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 218