Athletisme

# Indundi Sports | Ihiganwa ryo kwinonora imitsi RUN Buja ryateguwe n’ubuserukizi bwa Nigeria ntiryari ryoroshe

Abanyagisagara ca Bujumbura baraye baryohewe na rya higanwa ryitiriwe RUN BUJA ryari ryateguwe n’ubuserukizi bwa Nigeria mu Burundi.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 1 Gitugutu 2022 ku kibuga Intwari isaha zibiri zo mugitondo (8h00), aho ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi hamwe n’ubuserukizi bw’igihugu ca Nigeria mu Burundi bari baramutse batunganya igihanwa ryo kwinonora imitsi ryitiriwe Run – Buja , ihiganwa ryari rihuriranye n’ihimbazwa ry’imyaka 62 Nigeria imaze yikukiye.

Ibirometero 10 n’igice ( 10.5 Km) nivyo abagabo n’abapfasoni birutse mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu bahungu no mu bagore canke inkumi hagiye hashimirwa abanonotsi icumi ba mbere.

Ku ruhande rw’abahungu abatahukanye ibibanza bitatu vya mbere akaba ari aba bakurikira :

1) Arakaza Elyse wo muri Mairie yirutse ( 32’28’59)
2) Niyomwungere Désiré w’i Bururi yirutse ( 32’36’12)
3) Nimubona Patrick wo muri Mairie yirutse ( 32’44’31)

Ku ruhande rw’abigeme abatahukanye ibibanza bitatu vya mbere ni aba bakurikira :

1) Ndayikengurikiye Violette wo muri Mairie ( 39’ 51’ 13)

2) Nintije Odile yirutse ( 41’23’14)
3) Habonimana Dancile wo muri Mairie ( 42’05’77)

Uwabaye uwa mbere mu bagabo n’abagore umwumwe akaba yahawe agashimwe k’umuriyoni w’amarundi ( 1.000.000 Bif), uwa kabiri ahabwa ( 750,000 Bif) mugihe uwa gatatu yayahukanye ( 500,000 Bif)

Kwizera Dieudonné alias Muvuduka arongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi , akaba yarakengututse ingene iryo higanwa ryagenze , kuko nk’uko yabivuze abanonotsi mpuzamakungu Uburundi bwaronse bavuye aho nyene nawene yihereyeko.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 4