abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Nshimirimana Abbas yafashije GD Braganca wo muri Portugal gutsinda CD MONTIJO

Abbas Nshimirimana, umusatirizi wa kera wa Buja City akina muri Portugal muri kino gihe yaraye akuye kure umugwi wiwe.

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 02 Gitugutu 2022 aho umugwi GD Braganca wari wakiriye umugwi CD Montijo mu rukino rw’igice ca gatatu c’igikombe c’igihugu ( Taça de Portugal) aho uwo mugwi bawusezereye ku gitsindo 1-0, ico gitsindo kimwe cinjijwe n’umukinyi w’umurundi Nshimirimana Abbas ku munota wa 90 w’urukino bica bituma umugwi wiwe uronka itike yo kwinjira mu gice ca kane gishira ica nyuma c’ico gikombe .

Nshimirimana Abbas muri urwo rukino yari yakinishijwe ku numero 9.

Uwo mukinyi yabiciye bigacika mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba mu mwaka w’2015 , amaze kugaragara ku rutonde rw’abakinyi 11 mu nkino 5 umugwi wiwe umaze gukina muri uno mwaka w’inkino w’2022-2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123