Amateka yakoze mu mwaka uheze niyo yatumye Nshimirimana Désire alias Big Fire atorwa n’abagenzi biwe bakinana mu mugwi wa Bethania Rams nk’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi.

Désiré akaba asanzwe akina mw’ihiganwa rya FQPL6 Metro Men’s muri Australia rya Championat Local.
Uwo mukinyi w’umurundi asanzwe akina ku numero 9 canke 11, mu mwaka uheze yarangije ihiganwa afise ibitsindo 24 mu nkino 21 ibishobora kuba vyatumye atorwa n’abagenzi biwe nk’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi muri uwo mugwi.