Umugwi wa Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega wemeye kuzokina inkino zibiri z’amajonjora za CAF Champions League zizowuhuza na Zamaleck wo mu Misiri ku kibuga c’uwo mugwi.
Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho iyo migwi uko ari ibiri (Flambeau du Centre na Zamaleck) ivyumvikanyeko.
Amakuru Indundi Sports yaronse ni uko umugwi Zamaleck woba wemeye kurihira ivyankenerwa vyose kugira umugwi Flambeau du Centre wemere gukinira mu Misiri.
Ibivurwa y’uko wemeye kurihira umugwi Flambeau du Centre ni ibi bikurikira :
– kubamenya ivyankenerwa vyose kuva igenekerezo rya 07 gushira irya 16 Gitugutu 2022,
– Kuzobaha amafaranga angana n’amadorari ibihumbi mirongo itanu vy’amanyamerika ( 50,000$)
– Kuzorihira itike 250 abarundi baba Diaspora baba mu gihugu ca Egypte.
Ivyo bishobora kuba muvyatumye uwo mugwi Flambeau du Centre wemera kuzokinira inkino zibiri zose muri ico gihugu ca Egypte
Mukibuka y’uko uwo mugwi Flambeau du Centre wari wasezereye umugwi Al- Ittihad wo muri Libiya mu nkino za mbere z’amajonjora ya CAF Champuons League.
Mwomenyako urukino rwa mbere ruzoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 09 Gitugutu 2022 mu gisagara ca Alexandrie , mu gihe urwo gusubiriza ruzoba igenekerezo rya 14 Gitugutu.