Kimwe muvyo abafotorwa n’abafotora badahurizako ngo n’umwanya, ivyo biheruka gushikirizwa na Jimmy Nzisabira benshi bazi nka Jimmy Nzi.
Uwo musore yize ibijanye na Informatique ariko akisanga mu gufotora, yavuze ko abafotorwa bamana akabazo ko guhabwa amafoto batevye kuko abofotora baba bafise akazi kenshi.
Mu kiyago na Jimbere Magazine mu kiganiro Ibibazo 20, uwo mufotozi akunzwe hano iwacu yasavye ishirahamwe ritanga umuyagankuba hano iwacu, REGIDESO ko ryokwikubita agashi rigatanga umugayankuba, kuko ico kiri mu bituma akazi kabo katagenda neza.
Muri ico kiganiro nyene uwo mufotozi yavuze ko ukwo kubura amatara, kuri mu bituma baguma mu kutumvikana hagati yabo n’abo baba bafotoye kuko bo batabasha gutahura ko babuze amatara, kugira bakore amafoto yabo.
Mwomenya ko Nzisabira asanzwe adafotora mu manza gusa, ariko asanzwe anafotora amafoto yandi nk’ayajanye n’ubwiza bw’igihugu cacu, canke ayaba afise ibindi asiguye.