BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

D-one ngo kwimwa urukundo na Santa, vyamwugururiye imiryango

D-one ngo naho Santa yamwimye urukundo, uno musi umubano wabo ngo ni mwiza.

Uwo muririmvyi w’indirimbo zakunzwe cane nka Morning love n’izindi, avuga ko urukundo yasabiye umumenyeshakuru kuri Camera ariko ntivyakunda, ngo vyamufashije kumenyekana naho ivy’urukundo vyo bitakunze.

Mu kiganiro na Juste Gael, uwo muririmvyi yavuze kandi ko uwo mwigeme Santa, yamenyekanye cane agikorera imboneshakure Isaac Tv, ngo uno musi nawe aryohererwa kuba basi ukwo kumwanka vyaramufashije kumenyekana.

D One akaba kandi yanashikirije ko ukwanka kw’ivy’urukundo rwiwe na Santa, yanaririmvye mu ndirimbo yiwe yise “Ubwoba” aheruka gushira ahabona, vyatumye ashima gushira ku ruhande ivy’urukundo, kugira bikunde arabe ko umuziki wari wakunzwe wo, wogira ico umuhaye.

Mukamenya ko vyavuzwe cane hanakorwa ibiganiro bitari bike, aho uwo muririmvyi co kimwe n’uwo mumenyeshamakuru bagarutse cane kuvy’urwo rukundo rwasabwa, ariko uwundi akarwamirira kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 218