Kubana n’umukuru w’igihugu ngo biraryoshe, ariko ntivyoroshe. Ivyo biheruka gushikirizwa na Dogo A ubwiwe.
Uwo muririmvyi w’indirimbo nka “Manjonjo”, avuga ko naho kubana n’umukuru w’igihugu ngo bifise ico bikwugururira mu buzima, ngo birafise n’ico bigusaba guheba.
Dogo A yavugiye mu kiganiro ibibazo 20 ca Jimbere Magazine ko n’aho wumva ibintu biba bitoroshe, ngo kuriwe vyabaye vyiza cane.
Yagize Ati: “Ni ibintu biryoshe ariko birafise Responsibilité, birafise ico bisaba, birafise ama Sacrifice ugira, ariko birafise ibintu vyinshi bikuzanira mu buzima. Novuga ko biryoshe kuri jewe, en tout cas ça a été une bonne Experiénce pour moi.”
Mwomenya ko uwo muririmvyi uno musi ariko ariga amashure ya kaminuza, ngo aronke Master nk’uko yabishikirije yabaye mu rugo rwa Nyakwigendera Petero Nkurunziza yatwaye igihugu cacu ciza c’Uburundi, kuva akiri muto akiga ahaba.