abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye yinjije Hatrick yiwe ya mbere

Izina rya Bimenyimana Bon Fils Caleb , umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba ribandanya ryamamara mu gihigu ca Africa y’epfo.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 09 Gitugutu 2022 muri Africa y’epfo aho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere PSL ryari ryabandanije kundwi igira 10, aho umugwi Kaizer Chiefs ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba Bimenyimana wariko utana mu mitwe n’umugwi STELLENBOSCH, urwo rukono rukaba rwarangiye Kaizer Chiefs itsinze uwo mugwi ibitsindo 3-1 .

Ivyo ibitsindo bitatu vyose vyinjijwe na Bimenyimana Bon Fils Caleb ikaba yaciye iba Hatrick yiwe ya mbere yinjije kuva aho aguriwe muri uwo mugwi.

Kaizer Chiefs waciye ufata ikibanza ca 4 n’amanota 17 mugihe umugwi wa mbere ari umugwi wa Sundowns n’amanota 19.

Caleb ivyo bitsindo vyose yavyinjije biciye kuri Penariti, akaba yaciye akwiza ibitsindo 6 muri iryo higanwa rya PSL ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Africa y’epfo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 125