abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Nsabiyumva Frederic yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere i Buraya

Umukinyi w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Fréderic atanguye neza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Sweden.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022 , aho umugwi VSK football usanzwe ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Sweden wari uramutse uhura n’umugwi Norrby IF mu rukino rw’indwi igira 26, urwo rukino rukaba rwarangiye VSK Fotball utsinze Norrby IF ibitsindo 3 kuri 2.

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Fréderic Nsabiyumva akaba ariwe yinjije igitsindo ca mbere c’uwo mugwi. Uwo mukinyi w’umurundi yama atangura mu kibuga kuva aho aguriwe muri uwo mugwi ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Sweden.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123