Umukuru w’igihugu c’Uburundi General Major Evariste Ndayishimiye yaterereye umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi mu ntumbero yo kwubaka ikibuga c’intwari.
Hari ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022 , ku kibuga Intwari aho abanyagisagara ca Bujumbura abanyagihugu n’ababarongoye bari baramutse bakorera ibikorwa rusangi kuri ico kibuga mu ntumbero yo guterera inguvu zabo mugihe kiriko kirasanurwa giheze kize kibe ikibuga mpuzamakungu mu mezi umunani ari imbere.
Mw’ijambo ryashikirijwe na Président d’honneur wa FFB Honorable Réverien Ndikuriyo yagiye arashira ahabona abaterereye mu ntumbero yo gushigikira y’uko ico kibuga gisubirwamwo.
Muvyo yashikirije yavuze y’uko Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaterereye umuriyaridi w’amarundi mu ntumbero yo gushigikira iyubakwa ry’ico kibuga.
Mwomenyako abajejwe kwubaka ico kibuga bahawe ikiringo c’amezi 8 kugira kibe camaze kurangira.