Indirimbo nshasha B Face agiye gusohora n’ubwo ataravuga izosoka ryari ariko amajambo azoba ari muri iyo ndirimbo abandanya kuyandika ku mbuga ngurukanabumenyi.
Iyo ndirimbo izoba izwi kw’izina rya “Ntandero ugira”, turashobora kwibaza ati ninde yashatse kuvuga? Inyishu y’ibibazo twibaza tuzoyironka iyo ndirimbo niyasohoka.
Ariko acishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yanditse agira ati: “sinkangwa n’induru z’ibingorongoro na kare ishavu ry’imbwa riherera mukuzungagiza umurizo, ntaho muzoncikira turi nk’imbwa n’umunyororo gumiza izo cranes hamwe ndabahe inkebuzo”.
Ayo majambo niyo yatumye Kingorongoro nawe aca yandika ati:” Imbwa mugufa irimba urahirahira nkwereke atari ugutika nayango.”
Tubandanye turindiriye iyo ndirimbo ya B Face tuzomenya vyinshi nitwamara kuyumviriza.