abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| ikibuga co kwa Se batutsi kizotwara imiriyaridi 40

Ikibuga co kwa Se batutsi kizokwubakwa ikizingwe mu Kanyosha ahitwa kwa Se batutsi , ico kibuga kizotwara imiriyaridi 40 z’amafaranga y’amarundi.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Président d’honneur wa FFB Honorable Réverien Ndikuriyo mu gihe yari ariko akorera ibiborwa rusangi ku kibuga intwari  ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022.

Ico kibuga co kwa se batutsi kizoba  cegukira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bivanye n’uko amafaranga azocubaka azoba yatanzwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ( FIFA).

N’aho biri uko, Président d’honneur wa FFB Honorable Réverien ntiyashikirije umusi bazotangura kwubaka ico kibuga.

Mwomenya ko FIFA yemeye kwubakira ikibuga kimwe kimwe ibihugu 54 vyose vyo muri Africa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 269