abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Mvuyekure Emmanuel yaraye afashije KMC gutsinda Mtibwa Sugar

Umukinyi wo hagati w’umurundi asanzwe akina mu gihugu ca Tanzania mu mugwi KMC Mvuyekure Emmanuel yaraye afashije umugwi wiwe gutsinda Mtibwa sugar.

Hari kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 15 Gitugutu 2022, aho umugwi KMC wari wakiriye umugwi Mtibwa Sugar mu rukino rw’indwi igira 7 rw’ihiganwa ryo muri Tanzania NBC premier League, urwo rukino rwarangige KMC itsinze Mtibwa Sugar ibitsindo 2 kuri 1.

Mvuyekure Emmanuel akaba ariwe yinjije igitsindo ca kabiri c’umugwi KMC ari naco cahaye intsinzi uwo mugwi.

KMC ukaba waciye uva mu kibanza ca 11 uja mu kibanza ca 5 mu rutonde rw’ingene imigwi igenda ikurikirana mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania.

Mwomenyako Mvuyekure Emmanuel ariwe asanzwe ari kizigenza w’uyo mugwi wa KMC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 125