abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ndayishimiye Youssuf yaraye yinjije ibitsindo bibiri wenyene

Umukinyi w’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Istanbul Basaksehir Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya yigenza neza mu gihugu ca Turquie.

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 16 Gituguru 2022 , niho umugwi Instabul Basaksehir wari uramutse ukina urukino rw’indwi igira 9 n’umugwi Istanbulsport mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Turquie. urwo rukino rwarangiye Istanbul Basaksehir itsinze ibitsindo 2-0.

Ivyo bitsindo vyose vyinjijwe na Ndayishimiye Youssuf Nyange aho ica mbere yacinjije ku munota wa 26 w’urukino mugihe ica kabiri yacinjije ku munota wa 78. Rikaba ari irya mbere Ndayishimiye Youssuf Nyange yinjiza ibitsindo bibiri wenyene mu rukino rumwe.

Mwomenyako Instabul Basaksehir uri mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo muri Turquie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123