footballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Joslin Bipfubusa ntakiri umumenyereza wa Police Tanzania

Umumenyereza w’umurundi yahora amenyereza umugwi Police Tanzania Joslin Bipfubusa yahagaritswe n’uburongozi bw’uwo mugwi.

Imvo nyamukuru ni umusaruro mubi nk’uko twabisomye mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania.

Uwo mumenyereza yakoze amateka ari kumwe n’umugwi Aigle Noir Cs mu mwaka w’ i 2019 aho yatwaye ibikombe vyose muri ico gihe , yahawe umugwi Police Tanzania igenekerezo rya 26 Mukakaro 2022 , awumenyereza inkino 7 z’ihiganwa rikuru ryo muri Tanzania NBC Premier League atsindwa inkino 5 anganya inkino 2.

Bipfubusa akaba abaye umumenyereza w’umurundi agira kabiri yahora amenyereza muri Tanzania ahagaritswe inyuma ya Irambona Massudi Juma yahora amenyereza Dodoma Jiji nawe  nyene yirukanywe mu misi iheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 118