BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Monia Fleur ariko yishura ibibazo

Ku bakurikiranye amakuru tubashikiriza, twari twabashikirije mu misi iheze ko umuririmvyikazi Monia Fleur yari akitswe n’amagara mu gihugu ca Kenya, aho amakuru y’ubwo burwayi bwa Monia twayahawe n’umumenyeshamakuru Ncuti ya Bose nawe abarizwa muri ico gihugu.

Uwo muririmvyikazi rero yari agize imisi avugwa cane ko bwoba atari ubugwayi ahubwo ari ukwigirisha kuko afise ibikorwa ariko arakorera muri Kenya, noneho ashaka Attention ngo abisohore bihagaze neza, ubu ngo ameze neza nk’uko yabashije kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram rukurikiranwa n’abarenga 30,000, aho yanerekanye akababaro afitiye abavuze ayamuhe.

Uwo muririmvyi wa Pharaon imaze kurabwa n’abarenga 221,000 mu gihe c’ukwezi kumwe kurenga gato isohotse, akaba atagarukiye kwerekana akababaro afise, ariko yabahaye akaryo abafana biwe nk’uko twabashije kubibona, ngo bamubaze ibibazo, aho aza gufata umwanya akavyishura kugira atange umuco, ibitaza kuburamwo ukubazwa kuri ubwo bugwayi bwari bumugizeko imisi.

Monia Fleur akaba ari umwe mu baririmvyikazi bashasha bariko baragerageza gutera intambwe bo nyene, aho hataraboneka Management yemanga ko iriko irakorana nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598