footballintamba murugambaprimus ligue

#Breaking News| Alain Olivier Niyungeko niwe yasubiriye Omar Ntakagero muri Buja City

Amakuru Indundi Sports ihejeje kuronka ubu nyene avuye kubegereye umugwi Bujumbura City wegukira igisagara ca Bujumbura aravuga y’uko umumenyereza Omar ntakagero yamaze gutanga imihoho mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi  kumvo z’uko atariko aroroherezwa  mu kazi kiwe.

Abo begereye nyene umugwi wa Bujumbura City batubwiye y’uko uwashoboye kumusubirira muri kino gihe ari Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola akaba ariwe nawe yaduganye n’umugwi mu Cibitoke.

Mutombola niwe aza kumenyereza umugwi Bujumbura City kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2022 mu rukino ruza kubahuza na Inter Star i Buganda .

Olivier Mutombola akaba yari amaze amezi ata mugwi abarizwamwo inyuma yo gutanga imihoho mu mugwi Bumamuru Fc mw’ihiganwa ry’umwaka uheze .

Mwomenyako umugwi Bujumbura City  uri mu kibanza ca 13 n’amanota 7 mu nkino 10.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 84