BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith arasubira i Kigali vuba cane

Inyuma y’indwi zirenga gato 2 umuririmvyi Alvin ari i Kigali, ngo amafaranga yajanye yaheze, none kuri uyu wa 3 aragaruka mu Burundi ngo aje kurondera ayandi.

Uwo muririmvyi yabwiye Yego mu kiyago baheruka kugirana ko n’aho amafaranga yamuheranye, urugendo afise rumusubiza i Bujumbura kuri uyu wa 3 atari uruzomugumizayo, kuko mu ndwi zibiri bazoba bareha i Kigali.

Alvin Smith yavuze ko igituma azoba asubiyeyo ari ukugira abashe guheraheza ibikorwa vyari vyamujanye azoba atashe adahejeje.

Alvin yamenyesheje kandi ko atahutse ata n’urukoroka ajanye, kuko ayo yari afise ku mufuko yose yayarishe Studio kugira abashe gukorana indirimbo na Bwiza.

Iyo ndirimbo Alvin ubwiwe akaba yamenyesheje ko yakozwe ku madorari y’abanyamerika 300$ yababa 1,000,000 y’amarundi, aho avuga ko ryabaye irya mbere, kuko amenyereye kuzikoresha hano iwacu ku 1/5 c’ayo yatanze i Kigali.

Mwomenya ko Alvin kuvyo yavuze, vyumvikanye ko ashobora kuba yakoze indirimbo n’abandi baririmvyi, ariko akaba yashimye kuvuga Bwiza wenyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 591