Inyuma y’imyaka hafi 5, umuririmvyi Andy Mwag agiye gushira ahabona urukurikirane rugira kabiri rw’indirimbo ziwe.
Urwo rukurikirane rugiye gukurikira Nisaidie yasohotse mu mwaka wa 2018, rwahawe izina rya CHAMPION, rukaba ruzoba rugizwe n’indirimbo 10.
Muri izo ndirimbo hakaba harimwo nshasha, hamwe n’izari zimaze gushirwa ahabona, aho ni nka Mvugisha aheruka gushirira ahabona amasanamu.
Muri izo ndirimbo hakaba harimwo ama Collabo, nk’iyitwa Rêves yakoranye na Gioia Kayaga akora Slam, akaba ari umurundikazi afise n’ubwenegihugi bw’ubutariyano n’ububirigi. Hakaba kandi harimwo na Femmes yakoranye n’uwitwa Saint Patrick, umuririmvyi w’umunya Senegal.
Nk’uko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ishirwa ahabona ry’urwo rukurikirane bizoba mu kwezi kwa 11, igenekerezo rya 11 nyene.
Uwakoze izo ndirimbo akaba ari Arnaud Gasige umuhinyanyuzi w’umurundi asanzwe akorera i Kigali mu Rwanda, nayo uwakoze mu mufuko akaba ari KuzaMuzik Management basanzwe bafitaniye amasezerano.