BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face yakoresheje Alyn Sano nk’iturufu mu kwimenyekanisha

Ibihumbi 78 nizo Views indirimbo nshasha ya B Face n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Alyn Sano igezeko mu misi 2 gusa ishizwe ahabona, nk’uko biboneka ku rubuga rwa YouTube rwa B Face.

Ikibazo umuntu yibaza ni ico Boniface yoba yarashimye uwo muririmvyikazi atari asanzwe amenyekanye cane hano iwacu.

Mu kiganiro uwo muririmvyi yahaye imboneshakure HitTop Tv, yavuze ko umugambi atari ukurondera kumumenyekanisha hano iwacu, ahubwo ngo umukenyuro wo gukorana n’abandi, n’ukugira abashe kumenyekana mu gihugu c’uwo baririmbanye.

B Face avuga ko n’aho Alyn Sano aha iwacu atamenyekanye cane, ngo i Kigali arakunzwe, kandi nico yipfuza gushikako.

B Face muri ico kiganiro kandi yavuze ko atashimye Alyn Sano ko yoba ari umu Star, ariko ngo yamushimiye uburyo aririmba neza gusa.

Uwo musore akomoka mu ntara ya Kayanza muri komine Matongo, yabandanije muri ico kiyago avuga ko uwo muririmvyikazi atariwe yamurondeye, ahubwo yamuronderewe na Producer yakoze iyo ndirimbo, kuko ngo bumvise iri romantique itoshobora kwijana ata jwi ry’umwigeme rigiyemwo.

Iyo ndirimbo yakorewe i Kigali nk’uko nari ndabivuze ikaba imaze gukwiza Views zirenga 78,000 mu misi 2 imaze, ikaba imaze kuzanira B Face abafana bandi bashasha barenga 3000.

Mukibuka ko iyo ndirimbo yatowe mu bubiko bw’izindi, ni inyuma y’aho uwariko akora amasanamu y’indirimbo “Nta Ndero ugira” yibiwe Computer yiwe, amasanamu bikagenda bijanye, B Face akaba yanse kuyisohora ata masanamu biri kumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590