Entertainmenthomepagekirundi

Basohoye ama foto n’ama Video, nawe ahagarika amasezerano | Zari the Boss Lady

Mu mwanya urume rumara, amasezerano zari the Boss Lady yaheruka kugirana n’ihoteli Divine Resort and Spa yo muri Uganda yahagaze kubera irekurwa ry’amafoto n’ama Videos agize imisi ariko arakwiragizwa hirya no hino.

Nk’uko vyashikirijwe na Zari ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ngo mu masezerano bavuga ko ariwe azemeza amafoto n’ama Videos bazokoresha, ariko gafotozi akaba atabikurikije, kuko yayasohoye atarayemeza, igica kimuha uburenganzira bwo guhagarika ayo masezerano.

Zari mw’itangazo yasavye ko ata foto yiwe yosubira gukoreshwa n’iyo nzu ku mbuga zabo, kandi n’uwo yazifotoye agafuta amafoto yose yashize ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe. Nayo we akaba ata hantu na hamwe azosubira kuvuga ivy’iyo nzu.

Uwo mugore akurikirwa n’abarenga 11, 000,000 kuri Instagram, akaba ahagaritse ayo masezerano inyuma y’imisi 2 gusa bayashizeko umukono.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 593