BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

BIG Fizzo yipfurije isabukuru nziza umwana wiwe yitwa Nikita

Igitigiri canke amazina y’abana ba Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo, ni kimwe mu bikunze kuvugwako cane hano iwacu, kuko uwo muririmvyi ari gake yemera kwishura ku bibazo nk’ivyo.

Ku musi wa hirya y’ejo, uwo muririmvyi akaba yasangije abafana biwe ubutumwa bwo kwipfuriza isabukuru nziza umukobwa wiwe, Mugani Nikita, yavyaranye n’umunyarwandakazi.

Muri ubwo butumwa, Big Fizzo yamwipfurije isabukuru nziza anamusabira ukurindwa yongera amubwira  ko amukunda cane.

Nikita akaba ari mu gitigiri c’abana batari bake bagiriza Big Fizzo, barimwo abo yemera n’abandi ataragira ico abavuzeko, hakaba hari n’uwundi aheruka kuboneka i Kigali w’umuhungu avuga ko nyina yapfuye asiga amubwiye ko Se ari Mugani Desire.

Abafana biwe rero bakaba bavuze amajambo atari make kuri iyo foto aho abatari bake bamaze kwemera gufata inkwano, abandi bakamusaba nk’agahembo ko ari abafana biwe cane, nayo abandi bo bakaba bashimye ubwiza bw’uwo mwana w’umukobwa, bivugwa ko ari mu rugero rw’imyaka nka 18 canke irenga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598